Indege z'Uburusiya mu kirere ca Baltic

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Michael Fallon, umushikiranganji wo kwivuna abansi w' Ubwongereza

Michael Fallon yavuze ko perezida Vladmir Putin abangamiye ibihugu bitatu vya Estonie, Lethonie na Lithuanie vyo mu karere ka Baltic.

Umuvugizi wo muri ubwo bushikiranagnji bw'imigenderanire Alexander Lukashevich, yavuze ko amajambo ya Michael Fallon, yarenze umurongo w'akarangamutima ka diporomasi.

Yavuze ko Uburusiya buzoronka akaryo ko kwishura.

Ejo indege z'intambara z'Ubwongereza zagomowe mu kirere kwirukana indege z'Uburusiya zibiri zariko zigenza muri ico kirere ka Baltic kigenzurwa n'urwego OTAN.

Ivyo ngo vyari vyigeze gushika mu kwezi guheze.