Ubudagi bwanse icifuzo c'Ubugereki

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubugereki Alexis Tsipras n'umushikiranganji w'Ubutunzi Yanis Varoufakis.

Ubugereki busaba ababuhaye ingurane kubwongera irindi deni mu kiringo c'amezi atandatu, aho kubusaba kongereza ikiringo c'ingingo zo gutubika umukanda.

Ingingo zo gutubika umukanda Ubugereki bwari busanganywe zigiye kurangirana n'uku kwezi.

Abashikiranganji bajejwe ubutunzi mu bihugu bikoresha ifaranga rya Bulaya, bazohurira mu nama iBruxelles ejo aho bukera kugira baganire kuri ico kibazo.

Amafaranga Ubugereki busigaranye ashobora guherengetera mu ndwi nkeyi ziri imbere, kiretse habonetse umwumvikano kuri ico kibazo.