Ubugiriki bufise icizere co kuva mu gutubika umukanda

Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki Alexis Tsipras (i buryo) n'uwujejwe ubutunzi Yanis Varoufakis, bahanganye n'ibihugu vya buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki Alexis Tsipras (i buryo) n'uwujejwe ubutunzi Yanis Varoufakis, bahanganye n'ibihugu vya buraya

Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, Alexis Tsipras, yavuze ko igihugu ciwe cateye intambwe ikomeye mu guheraheza gutubika umukanda.

Ivyo vyashitsweko mu mwumvikano n'ibindi bihugu bikoresha ifaranga rya Euro, aho humvikanywe kwongereza ideni ry'ubugiriki.

Ariko mw'ijambo riciye kuri television, bwana Tsipras yavuze ko ibibazo bikomeye biri imbere, kandi ko Ubugiriki bwatsinze intango ngo ntibwatsinze intambara.

Leta y'Ubugiriki igomba kubonana kugira iganire ku ngingo zivuguruye izoshikiriza abayiha amadeni kuwa mbere.