Robert Mugabe yizihiza 91 y'amavuko

Robert Mugabe wa Zimbabwe akwije imyaka mirongo icenda n'umwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Robert Mugabe wa Zimbabwe akwije imyaka mirongo icenda n'umwe

Umukuru w'igihugu wa Zimbabwe, Robert Mugabe, uno munsi yakwije imyaka 91 avutse.

Bwana Mugabe amaze imyaka mirongo itatu n'itanu ku butegetsi abaka ari nawe mukuru w'igihugu akuriye abandi kw'isi, azokwizihiza iyi sabukuru yiwe mu ndwi imwe.

Yateguye umunsi mukuru w'agakura uzotwara amahera ashika ku muriyoni w'amadolari mu kibanza kigezweho bakiniramwo golf i Victoria Falls.

Abantu ibihumbi mirongo ibiri nibo bazokwitaba uwo munsi mukuru aho bazogaburirwa imbogo, inzovu, impara hamwe n'intare.

Ibitangazamakuru vya leta bivuga ko abanyagihugu aribo bazoriha amahera azokoreshwa muri uwo munsi mukuru.

Zimbabwe kuri ubu kiri mu bihugu bikenye kurusha ibindi kw'isi.