Abana benshi banyurujwe muri Sudani y'epfo

Impande zose zirwana muri Sudani y'epfo ziramaze kwagirizwa gukoresha abasirikare b'abana
Image caption Impande zose zirwana muri Sudani y'epfo ziramaze kwagirizwa gukoresha abasirikare b'abana

ONU ivuga ko abana benshi b'abahungu banyurujwe muri Sudani y'epfo.

Ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, ryavuze ko abashika mirongo umunani n'icenda batwawe n'abantu bitwaje ibirwanisho, bagiye barasaka inzu ku yindi, barondera abahungu barenza imyaka 12.

Bamwe mu batwawe ngo bariko barakora ibibazo mw'ishure.

Ivyo vyabereye mu nkambi iri mu buraruko bw'intara ya Malakal, icumbikiye ibihumbi vy'abantu bahunze intambara hagati y'abasirikare ba leta n'abayirwanya.

Imbande zose muri iyo ntambara ziramaze kwagirizwa gukoresha abasirikare b'abana.