Imbibe za Liberia zuguruwe mu gihe ebola igabanuka

Urugero rw'abandura ebola muri Liberia rwaragabanutse cane Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Urugero rw'abandura ebola muri Liberia rwaragabanutse cane

Imbibe z'igihugu ca Liberia zuguruwe icese nyuma y'amezi indwi zugaye kubera ikiza ca ebola.

Umukuru w'igihugu wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf yavuze ko hari ingingo zafashwe kugira uwo mugera ntiwinjire mu gihugu uciye ku mbibe.

Vyongeye kandi, umukwabu wamara ijoro ryose uraza kuvako mw'ijoro ry'uno munsi.

Urugero rw'abandura ebola muri Liberia rwaragabanutse, ubu akaba ari ic'icumi c'uko vyari igihe ebola yari ikaze.