Umwiyahuzi w'umugore yiturikije muri Nigeria

Isoko rya telefone i Potiskum ryari rimaze guterwa Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Isoko rya telefone i Potiskum ryari rimaze guterwa

Amakuru ava mu muji wa Potiskum mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria avuga ko umugore w'umwiyahuzi yiturikirije hanze y'isoko.

Abantu batanu baciye bahasiga ubuzima abandi cumi na batanu barakomereka.

Uwo mugore yaturikije ico gisasu igihe abajejwe umutekano w'isoko bagerageza kumusaka.

Mu bisanzwe ibitero nk'ibi bigabwa n'abarwanyi ba ki Islam bo mu mugwi Boko Haram.

Umuntu atuye i Potiskum yabariye BBC ko bubaye ubugira gatatu umuntu w'umugore agaba igitero kuri iryo soko ridandaza telefone.