Kenya: Urukiko rwamaganye itegeko rishya k'umutekano

Abacamanza bo muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu w
Image caption Abacamanza bo muri Kenya

Sentare ya Kenya uno musi yamenyesheje ko zimwe mu ngingo z’itegeko rifise intego yo gukomeza umutekano riheruka kwemezwa n'umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta ko ziteye kubiri n’ibwirizwa shingiro hamwe n’amategeko.

Mururwo rubanza rwashingishijwe n'imigambwe itavuga rumwe na leta, abitwaye basigura ko zimwe mu ngingo zirimwo zoba zije guhonyanga agateka ka kiremwa muntu, ako kwidegemvya no kuja hamwe mu migwi.

Umucamanza Isaac Lenaola yararongoye umugwi w'abacamanza batanu yasomye urubanza, yamenyesheje kw’ingingo cumi ziri muriryo tegeko ry'umutekano ko ziteye kubiri n’amategeko be n’ibwirizwa shingiro.

Murizo harimwo ingingo zijanye n’uguhasha ibikogwa vy’iterabwoba, izijanye n’umwuga w’itangazamakuru, n’izijanye n’uruja n’uruza rw’abantu.

Hari n’izindi zitomora ingene abanyagihugu boshobora gukorana haba mu ma nama canke mu makoraniro asanzwe.

Umucamanza Isaac Lenaola yavuze ko naho iryo tegeko ryo gukomeza umutekano rikenewe na burya kenya imaze imisi ihanzwe n'ibikogwa vy'iterabwoba, kwari ngombwa ko ryubahiriza agateka ka kiremwa muntu.

Iryo tegeko ritegekanya ibihano bikomakomeye ku mumenyeshamakuru atabanje gusaba uruhusha igihe atanga amakuru ku bijanye n'iterabwoba, rigategekanya igifungo c'umwaka ku muntu yikekwa kuri mwen'ayo makosa imbere yuko ashobora kuburana ryatanguye kwidogegwa n'imigambwe itavuga rumwe na leta igihe ritorewe n'inama nshingamateka munyuma umukuru w'igihugu Uhuru kenyatta akaryemeza.

Abo mu runani CORD, bahimbajwe n'iyo ngingo ya sentare basigura ko mugihe iryo tegeko ryogumye uko rimeze ryogarukanye intwaro y'gahotoro nko mu gihe ca prezida Arap Moi. Moses Wetangula avuga ko banse akarenganyo. Ababuranira uruhande rwa leta mur'urwo rubanza bavuga ko bazunguruza. Rikiri mu nteguo mu mpera z'umwaka uheze, amashirahamwe ategamiye leta, ayaharanira agateka ka kiremwa muntu yari yiyamirije iryo tegeko asigura ko rije gusubiza igihugu inyuma ku bijanye na demokrasi n'agateka ka kiremwa muntu.

Inyuma yaho ingingo y'uno musi isohokeye abanyagihugu basanzwe bahurira ku rubuga rwa internet bashimishijwe n'aho intahe yashize.