Ubugereki bwongewe umuhango w'ingurane

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abategetsi b'Ubugereki bagerageje gushimisha ababaha ingurane n'abanyagihugu babatoye.

Ingingo Ubugereki bwiyemeje ziri mu ntumbero yo kugirango bwongerwe amafaranga yo kuramira ubutunzi bwabwo.

Uwujejwe ikigega c'ishirahamwe rya Bulaya Pierre Muscovici, yavuze ko uwo mwumvikano ari intambwe ya mbere ikomeye cane.

Yavuze kandi ko yatumye hirindwa akaga kari hafi cane.

Umukuru wa Eurogroup yavuze ko uwo mugambi ukomeye bihagije kugira hatangure ibindi biganiro.

Ariko umukuru w'ikigega mpuzamakungu, kiri mu baha ingurane Ubugereki, yavuze ko ivyo Ubugereki bwashikirije bitadonda mw'ido n'ido ry'ingene vyogenda.

Ikindi kandi ngo ntibigaragara ko Ubugereki buzoheza bukubahiriza ivyo bwiyemeje.