Narendra Modi yatangaje integuro y'amafaranga

Image caption Leta y'Ubuhinde itangaza integuro y'amafaranga izokoresha

Leta y'Ubuhinde kandi yemeye gutanguza umugambi wo gufasha muri rusangi abanyagihugu bose babikeneye.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta Arun Jaitley ateganya ko ubutunzi buzokwiyongera ko ibice 8% mu mwaka uza.

Uwo mushikiranganji kandi yiyemeje kuzotanga miriyaridi 11 z'ama dorari mu bikorwa vy'iterambere.