Umwe mu banegura Putin yagandaguwe

Uwufise ububasha kw’isanamu RIA Novosti
Image caption Boris Nemtsov, yishwe agandaguwe.

Yishwe arashwe mw'ibarabara riri hafi y'ibiro vy'umukuru w'igihugu Kremlin.

Perezida Obama yateye akamo ko hoba itohoza ubwo nyene kandi ataho ryegamiye muri urwo rupfu yavuze ko ari urwo ububisha.

Perezida wa Ukraine Petro Poroshenko, yashimye Nemtsov avuga ko yari umuhuza hagati ya Ukraine n'Uburusiya.

Abatavuga rumwe na reta bahagaritse imyiyerekano yari kuba ejo ku munsi w'Imana, aho bavuze ko bazoca bakoresha uwo mwanya mu kwibuka Nemtsov.

Umuvugizi wa perezida Vladimir Putin yavuze ko ico kibazo yagifashe mu minwe ubwiwe.

Hagat'aho abantu bakomeje gushira amashurwe mu kibanza Boris Nemtsov yarasiwe amasasu ane.

Bwana Nemtsov yari umunyapolitike adatinya kuvuga ico yiyumvira, akaba yari yerekanye ko atemeranya no kuba Uburusiya bwarigaruriye Crimea.

Mu kiganiro yatanze gato imbere y'uko yicwa, yari yidogeye ikibazo ca ruswa, anavuga ko politike y'Uburusiya yaboze.