Rwanda: Leta yagiriwe inama yo kurega BBC

Image caption Umurwi wo kwihweza ivyakozwe na BBC washinzwe hamaze gukoreshwa imyiyerekano yo kuyiyamiriza

Ico kiganiro cihweza ku bivurwa ku mugaragaro ko arivyo vyabaye igihe ca jenoside yabaye mu rwanda mu 1994.

Umukuru w'uwo murwi Martin Ngoga, yasavye reta y'Urwanda gukwirikirana BBC mu butungane.

BBC yavuze ko itanezerejwe namba n'ivyo uwo murwi washitseko kandi iriko yihweza inkurikizi zavyo.

Urwanda rwahagaritse ibiganiro vya BBC mu kinyarwanda inyuma y'aho ico kiganiro caciye kuri Televiziyo ya BBC mu rurimi rw'icongereza gisohokeye.

Urwanda kandi rwagirije abatunganije ico kiganiro ko bahakana jenoside.