Perezida Bachelet yangeye Maureira

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Valentina Maureira avuga ko yifuza gupfa kuko aruhijwe n'uburwayi

Valentina Maureira yaheruka gushira video yiwe kuri faceboook amusaba uburenganzira bwo gusezera isi.

Arwaye ingwara idakira bita cystic fibrisis, itera amahaha n'ibindi bihimba nkenerwa cane mu mubiri.

Video yiwe yarabwe n'abantu baharurwa mu bihumbi, yatumye ikibazo co guha uburenganzira abavyifuza bwo gupfa ku bushake canke eutanasie, kivurwa cane muri Chili, aho amategeko atavyemera.

Umuvugizi wa perezida Bachelet yavuze ko Valentina atazohabwa ico yifuza, mugabo ngo leta izomurihira bo n'umuryango wiwe, muganga abafasha ku bibazo vyo mu mutwe.