Burundi: Inteko yemeje ko Rumonge yaba intara

Ikarita y'u Burundi
Image caption Ikarita y'u Burundi

Mu Burundi, inama nkenguzamateka yemeje integuro y’itegeko rishiraho intara nshasha ya Rumonge, igiye kuba intara igira 18 mu gihe umukuru w’igihugu yoshira umukono kuri iryo tegeko.

Rumonge izoba igizwe n’amakomine 4, abiri yahora mu ntara ya Bururi hamwe n’ayandi abiri yahora mu ntara ya Bujumbura rural.

Mu ndwi iheze, iyo nteguro y’itegeko yari yemejwe n’inama nshingamateka habanje kuba impari ndende, aho bamwe babona ko ugshinga intara nshasha ya Rumonge, bijanye n’ibihe vya politike igihugu kirimwo na cane cane amatora.

Intara ya Rumbonge izoba igizwe n’amakomine ya Rumonge na Burambi yahora mu ntara ya Bururi hamwe na Muhuta na Bugarama yahora mu ntara ya Bujumbura rural.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu basigura ko ishingwa ry’iyo ntara ryasabwe n’abanyagihugu bo mu Rumonge , ngo kandi yari na nini cane ugereranije n’ayandi makomine.

Ariko abanenga uwo mugambi bo siko babibona kuko ngo iyaba ari ubunini gusa baravye, bari guhera kuri komine ya Bukirasazi iri mu ntara ya Gitega, kuko ngo nay o ari nini cane.

Abashingamateka n’abakenguzamateka batipfuza ko iyo nteguro y’itegeko yemezwa barekenye amakenga y’ingene izanywe mu gihe himirije amatora, bakibaza ko hoba hinyegeje inyuma imvo za politike, kubera ko mu matora 2010, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD waronse amajwi menshi mu Rumonge gusumba mu yandi makomine yose ya Bururi, ko rero kugira iyo komine intara vyokongerza amahwigwe y’uwo mugambwe.

Ku kirangamisi co kwiga iyo nteguro y’ibwirizwa yo gushiraho iyo ntara, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko vyari bikenewe ko ryihutishwa kugira mu matora yimirije, iyo ntara izobemwo abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.

Abanshingamateka 14 bahora baserukira intara za Bujumbura rural na Bururi bagiye guca bagaburwamwo 3, mu gihe igitigiri c’abakenguzamateka kizokwiyongerako 2.

Konkora komine ya Rumonge ku ntara ya Bururi bizogira ingaruka mbi kuri iyo ntara, kuko ari ho hava ubutunzi bwinshi bwari bugize iyo ntara.