Burundi: akazi ntikakozwe uko bisanzwe

Bujumbura
Image caption Mu gisagara hagati ahasanzwe uruja n'uruza rwinshi imiduga n'abantu vyari imparurwa

Ibikorwa ntivyakozwe uko bisanzwe mu Burundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, abakozi bakaba bitavye akamo ko guhagarika akazi batewe n'ama sendika.

Amashirahamwe mpuzamasendika CSB na COSYBU yahamagariye abakozi guhagarika akazi umunsi umwe kugira bagondoze reta gusubiramwo bimwe mu bituma ubuzima buzimba kurusha.

Ayo mashirahamwe avuga ko igiciro c'igitoro kitaragabanuka bikwiye ugereranije n'ingene cagabanutse ku masoko mpuzamakungu.

Ubu igiciro ca litiro ya essence kiri ku mafaranga 1880 y'amarundi, kitaragabanuka cari ku 2350.

Ama sendika avuga ko cari gukwiye kugabanuka gushika ku mafaranga 1700.

Image caption Chaussee Prince Louis Rwagasore riri mu mabarabara abamwo uruja n'uruza rwinshi

Mu gisagara ca Bujumbura, mu mabarabara uruja n'uruza rwari rwagabanutse cane ugereranije n'ingene vyahora, ibiro vya reta nka vyose nta bakozi babirangwamwo.

Ku mashure menshi abanyeshure bagiye kw'ishure ariko abigisha ntibakoze, mu mu nyuma barahava barataha.

Ministre ajejwe abakozi ba leta n'akazi Annonciata Sendazirasa yabwiye Radio Bonesha ko iryo hagarikwa ry'akazi ritakurikije amategeko kuko ama sendika atandikiye ubuyobozi bw'akazi abumenyesha iryo hagarikwa.

Ayo masendika avuga ko inyuma y'uwo munsi reta idatanguje ibiganiro nabo azoheza akaraba izindi ngingo yofata.