Impari kw'isoko nkuru ya Bujumbura

Bujumbura Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Isoko nkuru ya Bujumbura imaze imyaka irenga ibiri ihiye ariko n'ubu nta kindi kirahubakwa

Ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hagiye kwubakwa ikibanza c'uburuzi ca none,shopping mall, nk'uko reta y'Uburundi yavyemeje ku ndwi iheze.

Ishirahamwe rigwanya ibiturire n'isesagurwa r'amatunga ya reta OLUCOME rivuga ko hari amahinyu menshi kuri ico kibazo.

Sino-African Trading and Investment Initiatives, kompanyi y'ubudandaji yo mu Bushinwa niyo reta yahaye ico kibanza, nk'uko vyemezwa n'umuvugizi w'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu mu Burundi Melchior Simbaruhije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Melchior Simbaruhije yavuze ko iyo kompanyi izohubaka ku miliyoni amajana 200 z'ama dollars, ikahakorera imyaka 50 ukirikije amasezerano yumvikanye na reta.

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Ikibanza c'isoko nkuru ya Bujumbura kiri hagati na hagati mu gisagara

Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko iyo kompanyi ivugwa ko ariy'abashinwa, ari iy'abarundi babiri, umugore n'umugabo begeranye n'ubutegetsi bw'Uburundi.

OLUCOME yemeza ko iyo kompanyi yashinzwe mu 20014 kandi ko amafaranga yatanguje ari make cane ku buryo ata bikorwa biciye miliyoni amajana 200 z'ama dollars ishobora gukora.

Umuvugizi w'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu Melchior Simbaruhije ntiyahakanye cannke ngo yemeze ko iyo kompanyi ari iy'abarundi, yavuze ko bataraba umwidondoro w'abantu baraba umugambi bazanye.

Isoko nkuru ya Bujumbura yahitanwe n'umuriro mu mpera z'ukwezi kwa mbere mu 2013, ivyarimwo vyose-biciye miliardi zirenga 100 z'amafaranga y'amarundi- biratikira, abantu barenga ibihumbi 3 bacururizayo batakaza imitahe yabo.