Akababaro ku vyakera vyasambuwe i Nimrud muri Iraq

Nimrud Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nimrud ni mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mosul,aho intagomdwa zasambuye ivya kera n'inyundu ku ndwi iheze.

Abategetsi n'abahinga muri kahise bafatiye ku bisigarira vy'ivyakoreshejwe kera bababajwe cane n'isenyurwa ry'igisagara ca kera co muri Assyria ca Nimrud n'intagondwa za leta ya ki Ialam, IS, muri Iraq.

Ku wa kane IS-igenzura ibice bitari bike muri Iraq na Syria-yatanguye gusenyura ikoresheje vya tingatinga ico kibanza cubatswe mu kinjana ca 13 imbere y'uko Yezu Christu avuka, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Iraq.

Umukuru w'ishirahamwe rya ONU rijejwe ubumenyi, ubuhinga n'akaranga UNESCO yiyamirije iryo samburwa rikuzako nk'icaha co mu ntambara.

IS ivugako ibibanza bijanye n'ibigirwamana n'ibigereranyo vy'ibibumbano ari ''ibigirwamana bitari vyo'' bitegerezwa gusenyurwa.

Umuhinga wa kahise muri Iraq Lamia al-Gailani yavuze ati : ''Bariko barafuta kahise kacu''.

Nimrud kiri ku birometero 30 mu bumanuko bushira uburengero bwa Mosul.

Vyinshi mu vyakera vyahasanzwe vyarajanywe mu mazu ndangamico i Baghdad no mu mahanga, ariko ibindi vyinsi niho bikiri.