Thomas Sankara: hagiye kuzurwa ibisigarira vyiwe

Thomas Sankara
Image caption Thomas Sankara yabaye prezida wa Burkina Faso hagati ya 1983-1987

Reta ya Burkina Faso yategetse ko hazurwa ibisigarira vya Thomas Sankara , yabaye umukuru w'igihugu akicwa muri coup d'etat yo kumukura mu 1987.

Iyo ngingo ituma ubu ivyo bisigarira bizosuzumwa kugira hamenyekane n'iba koko ari ivy'umuhisi Sankara-ibintu vyasabwe kera n'abamushigikiye, bashaka kumenya ko vy'ukuri ari ivyiwe.

Sankara-abona nka Che Guevara wo muri Africa-yahambwe gihutihuti amazwe gutembagazwa ku butegetsi n'uwamusubiriye, Blaise Compaore.

Compaore yavuye ku butegetsi kubera umugumuko w'abanyagihugu mu kwezi kw'icumi.

Igihe yari akiri ku butegetsi, sentare ya Burkina Faso yarazibiye icifuzo c'umuryango wa Sankara c'uko ibisigarira vyiwe vyozorwa.

Compaore yagumye ahakana ko ata ruhara yagize mu rupfu rwa Sankara, avuga ko ''ivyabaye bizwi'' kandi ko 'adafise na ''na kimwe co kuneyegeza''.

Reta nshasha ya Burkina Faso irongowe na Michel Kafando yavuze ko umuryango wa Sankara uzohabwa uburyo bwo gusuzuma ivyo bisigarira, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Miriam Sankara, umupfakazi wa Sankara, yabwiye BBC igisata c'igifaransa ko umuryango utasavye imfashanyo ya reta-kandi ko urindiriye kubimenyeshwa icese.

''Twebwe umuryango...ntidushobora kuzura ico kiziga,dushaka ubutungane kuba aribwo bubikora''.

''Kandi baramutse babikoze,bitegerezwa gukorwa mu mugambi w'ubutugane twamye dusaba, ko horonderwa ukuri no gufasha kumenya abishe Sankara''

Sankara, yarondera impinduka zishingiye ju vyiyumviro vya marxisme, yabaye umukuru wa Burkina Faso mu 1983. Yatwaye igihugu ciwe imyaka 4 gushika apfuye afise imyaka 37.