Uburusiya: Abantu 2 bafashwe

Urwibutso rwa Boris Nemtsov Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urwibutso rwa Boris Nemtsov

Abantu babiri batawe muri yombi mu Burusiya bakekwa kuba baragize uruhure mw'iyicwa ry'umunyapolitike utavuga rumwe n'ubutegetsi Boris Nemtsov, warashwe mu cyumweru gishize hafi ya Kremlin.

Umukuru w'urwego rushinzwe gucungera umutekano yavuze ko abo bantu bafashwe bava mu majyaruguru ya Caucasus ariko yirindi kugira indi myirondoro yabo atanga.

Ku cyumweru gishize, abantu ibihumbi bagiye mu mihanda, kwigaragambya bucece, baca rwagati mu murwa mukuru wa Moscow, bunamira bwana Nemtsov wanengaga cyane Prezida Putin.

Abarwanashyaka be batunga agatoki leta y'Uburusiya ko ariyo yamwishe, ariko Prezida Putin we akavuga ko ako ari agasomborotso.