Leta ya Kenya yemeje urupfu rw'icabona ca ICC

Icabona mu Rubanza rwa William Ruto kuri ICC catowe ikiga muri park Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icabona mu Rubanza rwa William Ruto kuri ICC catowe ikiga muri park

Leta ye Kenya yemeje ko ikiziga catowe ari ic'umuntu yagomba gutanga ubuhamya mu rubanza rw'icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC.

Meshack Yebei bivugwa ko yanyurujwe mu kwezi kw'icumi na kabiri mu mwaka uheze, akuwe iwe muhira i Eldoret.

Ibipimo vy'ibiva ku mubiri biranga umuntu, DNA, vyemeje ko ico kiziga catowe muri park ya Tsavo National Park muri ukwo kwezi nyene, ari iciwe.

Umuryango wa bwana Yebei wariyamirije guteba kw'ivyavuye muri ivyo bipimo.

Mu kwezi kwa mbere, bari bagiye gupfuba ikindi kiziga catowe mu ruzi, bibaza ko cari ica bwana Yebei.