Leta y'u Burundi yasubije inyuma gutanga ikibanza c'isoko ya Bujumbura

Ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura ngo kigomba kwubakwamwo ikibanza c'ubudandaji ca kijambere Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura ngo kigomba kwubakwamwo ikibanza c'ubudandaji ca kijambere

Umuvugizi w'umukuru w'u Burundi yabariye BBC ko umukuru w'igihugu yafashe ingingo yo kuba arigije inyuma gutanga ikibanza cahoramwo isoko ya Bujumbura, imaze imyaka ibiri ihiye.

Bwana Leonidas Hatungimana yavuze ko umukuru w'igihugu yasanze hari abohava bitwaza ivyo mu gukwenga imigumuko ishobora no kubangamira amatora yimirije.

Sino-African Trading and Investment Initiatives, ni ikompanyi y'ubudandaji yo mu Bushinwa leta y'u Burundi yari yahaye ico kibanza, nk'uko vyemejwe n'umuvugizi w'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu mu Burundi, Melchior Simbaruhije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa gatanu uheze, Melchior Simbaruhije yavuze ko iyo kompanyi izohubaka ikibanza c'ubudandaji ca kijambere ku miliyoni amajana 200 z'ama dollars, ikahakorera imyaka 50 ukurikije amasezerano yumvikanye na reta.

Amahinyu

Ishirahamwe rigwanya ibiturire n'isesagurwa r'amatunga ya reta, OLUCOME, rivuga ko hari amahinyu menshi kuri ico kibazo.

Umukuru waryo, Gabriel Rufyiri, yabariye BBC ko iyo kompanyi ivugwa ko ari iy'Abashinwa, ari iy'Abarundi babiri, umugore n'umugabo begeranye n'ubutegetsi bw'u Burundi.

OLUCOME yemeza ko iyo kompanyi yashinzwe mu 2014 kandi ko amafaranga yatanguje ari make cane ku buryo ata bikorwa biciye miliyoni amajana 200 z'ama dollars ishobora gukora.

Mu gihe vyibazwa ko ayo mahinyu ariyo ashobora kuba yatumye umukuru w'igihugu ahagarika itangwa ry'ico kibanza, umuvugizi wiwe, Leonidas Hatungimana, yavuze ko ivyo bindi vyibazwa atavyo azi.

Yasubiye kwemanga ko imvo nyamukuru ariko umukuru w'igihugu adashaka ko hari abagira urwitwazo ico kibanza, kugira batobe amatora yimirije, kandi yaremereye abarundi ko azoba mu mutekano ntangere.