OMS yashizeko umugwi uraba uko ebola yarwanijwe

OSM igihe gutohoza ku kuntu yarwanije ebola Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption OSM igihe gutohoza ku kuntu yarwanije ebola

Ishihamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ryashinze umugwi ugizwe n'abahinga bigenga, uzokwihweza ingene ryavyifashemwo mu guhangana n'ikiza ca ebola mu burengero bwa Afrika.

Mu mwaka uheze OMS yariyamirijwe ku kuntu itanyarukije mu guhangana n'ikiza ca ebola kigitangura.

Abantu bashika ibihumbi cumi barahitanywe n'ikiza ca ebola gihari ubu.

Uwo mugwi w'abahinga uzoba urongowe na Barbara Stocking, yahoze ari umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'abagiraneza, Oxfam.

Vyitezwe ko usohora icegeranyo ca mbere mu kwezi kwa gatanu.