BBC yatohoje ku rudandazwa rw'abana mu Bushinwa

Kugirisha abana mu Bushinwa birigaragaza cane
Image caption Kugirisha abana mu Bushinwa birigaragaza cane

Itohoza rya BBC ryasanze hari abana bagurishwa kuri internet mu Bushinwa, bamwe bikitwa ko ari abarondererwa ababarera.

Ivyo rero ngo biraba kandi hasanzwe hariho utwigoro tw'igipolisi two gukumira urudandazwa rw'abana.

Itangazo rimwe ryo kuri internet rigurisha umwana w'umukobwa w'amezi umunani amahera ibihumbi mirongo itatu vy'amadolari.

Naho gushira amatangazo y'abana barondererwa abavyeyi kuri internet kitazita mu Bushinwa, kubagurisha vyovyo ntivyemewe.

Vyibazwa ko abana bashika ibihumbi mirongo ibiri banyuruzwa buri mwaka mu Bushinwa; benshi muri bo bakagurishwa mu nyuma.

Abagurisha abana iyo bafashwe bahanishwa igihano c'urupfu, ariko abarwanya urwo rudandazwa bavuga ko hari hakwiye ibihano bikomeye ku bagura abo bana.

Isoko ry'abo bana mu bisanzwe ririho bitewe n'uko abatagira abana mu Bushinwa babandanya kwiyongera.