Abarwanyi ba Al-Shabab bateye Baidoa

Al Shabaab yirukanywe i Baidoa mu 2012 ariko ishobora kuba yasubiye kuhagaba igitero
Image caption Al Shabaab yirukanywe i Baidoa mu 2012 ariko ishobora kuba yasubiye kuhagaba igitero

Abarwanyi bo mu mugwi wa ki Islam wo muri Somalia, Al-Shabaab, bateye ibiro bikuru vy'intara mu muji hagati i Baidoa.

Abantu bashika cumi nibo bahasize ubuzima.

Ico gitero catangujwe n'igisasu caturikiye ku bwinjiriro bukuru bw'ikigo gikingiwe cane, abagabo benshi bitwaje inkoho baca barinjira.

Vyibazwa ko umukuru w'intara Sharif Hassan Sheikh Adan ariwe barondera, ariko ntaco yabaye.

Amakuru avuga ko abarwanyi batatu hamwe n'umusirikare umwe basize ubuzima mu mirwano yamaze amasaha abiri.

Mu kwezi kw'icumi na rimwe, Baidoa yabaye umurwa mukuru w'intara nshasha yashinzwe y'ubumanuko bushira uburengero.

Mu 2012, abasirikare ba Ethiopia birukanye Al-Shabaab mu muji wa Baidoa