Muri Tanzania bafashe abapfumu 200 mu kurinda abanyamweru

Ibihimba vya ba nyamweru bikoreshwa n'abapfumu muri Tanzania mu gukora imiti bivugwa ko itera amahirwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibihimba vya ba nyamweru bikoreshwa n'abapfumu muri Tanzania mu gukora imiti bivugwa ko itera amahirwe

Abapfumu barenga amajana abiri bafashwe muri Tanzania mu kugerageza guhagarika ubwicanyi bwa ba nyamweru.

Igipolisi kivuga ko bamwe muri abo bafashwe basanganywe insato z'ibikoko hamwe n'imiti.

Leta iriko irihweza kuronsa ba nyamweru udukoresho two guhamagaza ababatabara bashobora kwambara ku kuboko.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ba nyamweru bashika mirongo indwi na batandatu bamaze kwicwa muri Tanzania mu myaka cumi n'itanu iheze.

Bivugwa ko ibice vy'imibiri yabo bitera amahirwe, bigakoreshwa n'abapfumu.

Mu gihugu kibanyi ca Malawi, igipolisi caho kivuga ko cafashe umugabo yagirizwa gushaka kwica umunyamweru.