ICC yahagaritse icese urubanza rwa Kenyatta

ICC yahagaritse urubanza ruregwamwo Uhuru Kenyatta, ariko abashinjacaha bashobora kurugarukana baronse ibindi bimenyetso
Image caption ICC yahagaritse urubanza ruregwamwo Uhuru Kenyatta, ariko abashinjacaha bashobora kurugarukana baronse ibindi bimenyetso

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye, ICC, yahagaritse icese urubanza rukurikiranwamwo umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Yari yagirijwe ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye n'ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007.

Ariko mu kwezi kw'icumi na kabiri, abashinjacaha basubije inyuma ibirego bavuga ko leta ya Kenya yanse kubaha ibimenyetso vya ngombwa.

Sentare yavuze ko ubushinjaca bushobora kuzana ibindi birego nibwaronka ibimenyetso simusiga.

Icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, wewe aracaburanywa ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.