Nigeria ihakana gukoresha abacangero

Nigeria ivuga ko abanyamahanga bari mu buraruko bafasha kwigisha abasirikare bayo
Image caption Nigeria ivuga ko abanyamahanga bari mu buraruko bafasha kwigisha abasirikare bayo

Leta ya Nigeria ihakana ibivugwa yuko iriha abacangero bayifasha kurwanya umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram.

Akozi b'abanye Afrika y'epfo hamwe n'abo mu cahoze ari Soviet Union, baramaze kubonwa mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Ariko umuvugizi wa leta yabariye BBC ko abantu bo muri Afrika y'epfo no mu bindi bihugu, bariko barafasha kwigisha abasirikare ba Nigeria gukoresha ivyuma bishasha.

Indege za kajugujugu hamwe n'ibidugwa vy'ingwano biheruka kugurwa muri Afrika y'epfo hamwe n'Uburusiya, mu kugerageza kunesha abarwanyi ba ki Islam.

Leta ya Afrika y'epfo yavuze ko itewe impungenge n'uko hari abacangero bariko bararwana muri Nigeria, bagakoresha kwigisha abasirikare nk'urwitwazo.