Burundi:ONU isaba kwubahiriza amasezerano ya Arusha

UN
Image caption Intumwa z'inama ya ONU ijejwe umutekano zari zirongowe na Francois Delattre (uwa kabiri uva i buryo)

Inama nkuru ijejwe umutekano muri ONU isaba leta y'Uburundi kwubahiriza amasezerano y'amahoro ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro ku vyerekeye ibiringo vy'umukuru w'igihugu mu gihe hasigaye amazi make ngo habe amatora.

Intumwa za Onu zari mu Burundi kuri uyu wa gatanu.

Zarabonaye n'umukuru w'Uburundi Pierre Nkurunziza.

Uwari azirongoye Fran├žois Delattre ahagarariye Ubufaransa muri ONU avuga ko yatanze ubwo butumwa kw'izina ry'inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi.

Muri izo ntumwa harimwo n'uwuhagarariye Leta Zunze Ubumwe za Amerika Samantha Power.

Avuga ko aho igihugu ciwe gisanzwe gihagaze ari uko ata hategerezwa kwubahiriza ibivugwa mu masezerano ya Arusha ko ata mukuru w'igihugu n'umwe ategerezwa kurenza ibiringo bibiri ku butegetsi.

Amasezerano ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro bivuga ko umukuru w'igihugu atarenza ibiringo 2 vy'imyaka itanu itanu.

Ibwirizwa nshingiro rivuga ko umukuru w'igihugu atorwa n'abanyagihugu bo nyene ubwabo ariko ko ku kiringo ca mbere c'inyuma y'intwaro mfatakibanza mu 2005, umukuru w'igihugu atorwa n'abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Aho niho umukuru w'umugambwe uri ku bugetsi CNDD FDD Pascal Nyabenda afatira mu kuvuga ko umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza amaze kwitorerwa n'abanyagihugu ubwabo rimwe gusa mu 2010, ko rero afise uburenganzira bwo gusubira kwitoza.

Prezida Nkurunziza yavuze ko hamwe umugambwe wiwe womushira imbere ngo yitoze atazokwanka.

Itangazo ry'ibiro vyiwe inyuma yo kubonana n'intumwa za ONU rivuga ko yababwiye ko mu gihe c'impari, Uburundi bufise inzego zo guca urubanza.

Amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi ategekanijwe itariki 26 ukwezi kwa gatandatu. Ay'abajenama b'amakomine n'abashingamateka azoba mu kwa gatanu kw'itariki nk'iyo nyene.