Icegera c'umukuru wa Sierra Leone yinyegeje

Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Imigenderanire hagati ya Ernest Bai Koroma (i bubamfu) na Sam-Sumana (i buryo) yamyemwo utubazo kuva kera

Icegera c'umukuru wa Sierra Leone Samuel Sumana yanyegeye kandi ariko ararondera ubuhungiro bwa politike k'uwuserukira Amerika ku murwa mukuru inyuma y'aho abasirikare bakikurije urugo rwiwe.

Sam-Sumana yabwiye BBC ko we n'umugore wiwe bahunze urugo rwabo kandi hari inkuru imwe ivuga ko yinjiye muri ambassade ya Amerika.

Ivyo bishitse haheze indwi imwe afuswe mu mugambwe uri ku butegetsi.

Mu ndwi zibiri ziheze, Sam-Samana yari yamenyesheje ko wenyene yishize ukwa wenyene mu kiringo c'iminsi ibiri inyuma y'aho umwe mu bamucungerera unutekano yiciwe n'indwara ya Ebola.

Inkuru zo mu gipolisi na mu gisirikare zemereye umunyamakuru wa BBC Umaru Fofana i Freetown ko abasirikare barungitswe ku rugo rw'icegera c'umukuru w'igihugu ku wa gatandatu mu gitondo kuvanyo abamucungerara umutekano , arikop ntibavuga uwabatumye.

Sam-Sumana yirukanywe mu mugambwe uri ku butegetsi All People's Congress Party ku ndwi iheze yagirizwa ibikorwa bigwanya umugambwe.

Yagirijwe guhindura impapuro z'amashuri yize, kubesha kw'idini ryiwe, no gukokeza umugumuko.Yarahakanye ivyo yagirizwa aca yanka gutanga imihoho.

Hakurukijwe ibwirizwa nshingiro rya Sierra Leone, ntashobora gukurwa.

Imigenderanire yiwe na prezida Ernest Bai Koroma yamye irimwo ibibazo kuva kera, nk'uko bivugwa n'uwo munyamakuru.

Sam-Sumana , w'imyaka 57 yabaye icegera c'umukuru w'igihugu kuva mu 2007 aho yitoza hamwe na Koroma. Prezida Koroma ubu ari mu kiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma.