Bombe zahitanye benshi muri Pakistan

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Benshi mu bahitanywe n'ayo ma bombe n'aba Kristu bari bavuye mu misa yo ku wa mungu

Bombe zibiri zaturitse zihitana abantu nibura 14 hafi y'amasengero abiri muri quartier ibamwo aba Kristu mu gisagara ca Lahore muri Pakistan, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abandi bantu barenga 70 bakomeretse igihe ayo ma bombe yaturika, akaba yarondera abariko barasenga mu misa yo ku wa mungu mu karere ka Yuhanabad.

Haciye habaye imyiyerekano irimwo intureka ayo ma bombe ahejeje guturika, abari mu myiyerekano baba bishe abantu 2 bagirizwa kuba bari muri io gitero.

Aba Kristu bo muri Pakistan bahora baterwa n'intagondwa za Islam.

Ishami ryamutse ku muhari w'aba Taliban bo muri Pakistan, ryiyita Jamatul Ahrar, ryavuze ko ariryo ryagavye ico gitero.