Amaherezo n'ukuvugana na al-Assad: John Kerry

Kerry na Assad Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Kerry, kw'ifoto ari kumwe na prezida Assad mu 2010,yavuze ko umukuru wa Syria 'atashatse ibiganiro muri kahise '

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ''amaherezo zizotegerezwa kuvugana'' na prezida wa Syria Bashar al-Assad, vyavuzwe na ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire John Kerry.

Avuga ku munsi hibukwa imyaka ine iheze intambara itangiye muri Syria, Kerry yavuze ko iyo ntambara ari ''rimwe mu mahano mabi uwariwe wese muri twebwe amaze kubona''.

Yavuze ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirasunika prezida Assad kugira yemere ibiganiro imyuma y'ibimaze kugeragezwa kabiri ariko ntihagire ico bivamwo.

Abantu barenga 215.000 nibo bagereranywa ko bamaze kwicwa muri iyo ntammbara yo muri Syria.