Putin yongeye guseruka inyuma y'iminsi 10

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Vladmir Putin

Uku kutaboneka ku muragaragaro kwa perezida Putin, kwatumye abantu benshi bibaza vyinshi ku magara yiwe.

Uwo mutegetsi w'Uburusiya yabaye arahagarika bimwe mu bikorwa yari yateganije, ariko uno munsi yagize ico avuga ku majambo aherutse kumuvurwako, avuga ko isi yoba irimwo irungu hamwe ibihuha bitohaba.

Vladmir Putin yabonetse ari kumwe na mugenzi we wa Kyrgyzstan, Almazbek Atambayev, mu ngoro Constantine Palace, iri hanze y'umuji wa St Petersburg.

Perezida wa Kyrgyzstan yavuze ko perezida Putin yamutwaye mu modokari mu rugendo rw'iminota 20 mu kibuga c'iyo ngoro, agabisha abanyamakuru kwirinda ico yise amajambo y'imburakimazi'.