Umugore wa Rwasa yararashwe ararusimba

Image caption Agathon Rwasa

Annociata Haberisoni, umugore wa Agathon Rwasa, yarashwe mu mutwe mu gihe yari yicaye arindiririye mu kibanza basokorezamwo imishatsi mu murwa mukuru iBujumbura.

Agathon Rwasa yatunze agatoki leta ko ariyo yashatse kwambura ubuzima umutambukanyi wiwe.

Yagiriza leta ko yakoze urutonde rw'abo ishaka gukuraho imbere y'amatora y'uyu mwaka.

Kugez'ubu ntaco ubutegetsi buravuga ku vyaraye bibaye.

Hari icuka c'ubwoba mu Burundi, aho biteze ko perezida Pierre Nkurunziza ashobora kugerageza kwongera guhiganirwa kuyobora igihugu ubugira gatatu.