Igihuhusi Pam casanganguye izinga rya Vanuatu

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ahaciye igihuhusi Pam, muri Vanuatu

Mw'ijambo yavugiye mu Buyapani aho ari mu nama, perezida Londsdale yasavye amakungu gufasha Vanuatu kongera kwiyubaka.

Amashirahamwe ajejwe gutabara avuga ko muri iryo zinga ibintu bimeze nabi ku buryo batari bwabone, aho bafise impungenge ko ibifungurwa, amazi n'utuzu twa surwumwe bishobora kubura.

Mu mazinga yo hafi ya Tuvalu, Solomon na Kiribati, naho nyene abantu baharurwa mu bihumbi bahuye n'ingaruka z'ico gihuhusi.

Umushikiranganji wa mbere wa Tuvalu, Enele Sopoaga, avuga ko hafi ica kabiri c'abanyagihugu baho bataye ingo zabo.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ibihugu bigera kuri icenda muri ako karere ka Pacifique vyahuye n'ingaruka z'ico kiza.