Amatora muri Israel

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Benjamin Netanyahu (i buryo) yavuze ko ata runani azogirana na Yitzhak Herzog

Muri Israel bari mu matora yitezwe kubamwo ihiganwa rikomeye cane hagati y'umugambwe wa ministre wa mbere Benjamin Nentanyahu n'urunani rwo muri centre-gauche.

Urunani rwo muri centre-gauche Zinonist Union rwemeye gukosora imigenderanire n'abanyepalestina hamwe n'amakungu.

Umukuru w'urwo runani Yitzhak Herzog yavuze ko Netanyahu aserukira ''inzira y'umwiheburo ...".

Netanyahu, umugambwe wiwe wakomeje kuba inyuma mu bigeraranyo vy'amajwi, yarahiye ku wa mbere ko atazokwemera ko hashingwa leta ya Palestina hamwe yotorerwa ikiringo kigira kane.

Ubutunzi hamwe n'imibereho nivyo vyagiye imbere muri aya matora.

Ibitoro vyuguruwe isaha imwe yo mu gitondo (5:00 GMT) bikaba bija kwugara isaha zine z'ijoro.

Ibivuye mu matora bishobora guca bishikirizwa buno nyene, ariko ibiganiro birebire kugirango hasingwe leta bishobora guca bikurikira.

Ingene ivy'amatora bitegekanijwe muri Israel nta mugambwe ushobora kuronka amajwi yotuma ushinga leta wonyene, n'uno munsi nta n'umwe witezwe kuronka amajwi arenga ica kane c'abatora.