DR Congo yirukanye abanyamahanga 4

Image caption DR Congo

Abo banyamahanga bane bagirijwe gushaka kubangamira umutekano w'igihugu.

Abo bantu bane barimwo abaturuka muri Senegal na Burkina Faso, bafashwe ku munsi w'Imana uheze, bari kumwe n'umunyamerika.

Abo banyamahanga bari kumwe kandi n'abandi banye Congo bashika 20 b'indongozi z'urwaruka.

Leta zunze Ubumwe za Amerika, zafashije mu gutanga uburyo, zivuga ko intumbero yo guhuza aba banyamahanga n'urwaruka rw'abanye Congo, kwari uguhimiriza urwo rwaruka kugira uruhara muri pilitike y'igihugu.