Netanyahu yiteguye gushinga leta

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benjamin Netanyahu

Netanyahu ntarasabwa n'umukuru w'igihugu kugerageza gushinga leta, ariko Likud amaze kwegukana intebe 30 mu nama nshingamatekla, mugiye Zionist Union uyababa, ufise 24.

Iki kizoba kibanye ikiringo ca kane ca Netanyahu ku butegetsi, aya matora akaba asa n'ayamugarukiye mu buryo butari bwitezwe mu gihe ibiharuro ngereranyo vy' igendereza ryakozwe imbere yayo, vyerekana ko ashbora gutsindwa.

Mu kwezi kwa nyuma kwo kwiyamamaza, yigaruriye benshi mu kubizeza atazokwemera kureka ngo habe leta yigenga ya Palestina.