Amasasu ku nama nshingamateka ya Tuniziya

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe umutekano ku kigo ca Bardo

Ico kigo kiri mu murwa mukuru Tunis, kiri hafi y'ingoro y'inama nshingamateka, kigenderwa na ba mukerarugendo benshi.

Umuvugizi wa leta ya Tuniziya yavuze ko mu bishwe harimwo abanyamahanga indwi.

Yavuze kandi ko benshi mu bakerarugendo bari muri ico kibanza bamaze kuhavanwa.

Hari mugabo abagifashwe ingwati na bene kurasa.

Televiziyo ya leta yatangaje ko abantu babiri bitwaje inkoho binjije imodokari mu kibanza kirimwo ingoro y'inama nshingamateka, bagatangura kurasa.

Abajejwe umutekano bazingirikiye ico kibanza.