Abantu 12 bahitanywe n'impanuka ya bus mu Misiri

Abaguye muri iyo mpanuka bari abakozi b'ikompanyi yigenga Uwufise ububasha kw’isanamu afp getty
Image caption Abaguye muri iyo mpanuka bari abakozi b'ikompanyi yigenga

Amakuru ava mu Misiri avuga ko abantu cumi na babiri bahitanywe n'impanuka ya bus barimwo.

Iyo mpanuka yabaye igihe iyo bus yata ibarabara ikagwa mu mwonga.

Amakuru yatanzwe kare yavuga igitigiri c'abashika mirongo itatu na batanu bahasize ubuzima.

Vyabereye mu ntara ya Giza iri mu bumanuko bw'umuji wa Cairo.

Iyo bus yari itwaye abakozi b'ikompanyi yigenga, ngo kandi abahasize ubuzima bose bari abakozi.