Liberia iratohoza ukuntu ebola yagarutse

Liberia yari imaze indwi zibiri ata murwayi mushasha wa ebola ahabonetse Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Liberia yari imaze indwi zibiri ata murwayi mushasha wa ebola ahabonetse

Abajejwe intwaro muri Liberia bariko baragerageza kumenya ingene habonetse umurwayi mushasha wa ebola nyuma y'indwi zibiri atawurwaye muri ico gihugu.

Umukuru w'umugwi ujejwe ikibazo ca ebola muri Liberia avuga ko uwo murwayi bigaragara ko ata rugendo yagize hanze y'igihugu, ngo ariko ashobora kuba yarahuye n'umuntu avuye hanze.

Kugira vyemezwe ko ata ebola ikirangwa muri ico gihugu, hagomba guca iminsi mirongo ine n'ibiri ata murwayi mushasha agaragaye.

Abantu barenga ibihumbi bine muri Liberia nibo bamaze guhitanwa na ebola.