Umugore yahowe guturira Koran muri Afghanistan ngo yazize ubusa

Abagore baharanira agateka k'abagore nibo bari biremetse isandugu ya Farkhunda Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagore baharanira agateka k'abagore nibo bari biremetse isandugu ya Farkhunda

Uwujejwe amatohoza ku bugizi bwa nabi muri Afghanistani avuga ko umugore yishwe ahowe guturira Koran, yahowe ubusa.

Amajana y'abantu baje mu maziko y'uwo mugore yitwa Farkhunda, isandugu yiwe ikaba yari itwawe n'abagore baharanira agateka k'abandi bagore.

Yakuwe mu musigiti ku nguvu kuwa kane n'umugwi w'abantu batwawe n'ishavu, baramukubita amaze gucikana baramuturira.

General Mohammad Zahir yavuze ko itohoza ryiwe ryasanze ata kimenyetso na kimwe cerekana ko Farkhunda yaturiye Koran.

Mu ntango umukuru w'igihugu wa Afghanistani, Ashraf Ghani, yiyamirije ubwo bwicanyi aca ategeka ko haba itohoza.