Abarwanyi barekuye abana 200 muri Sudani y'epfo

Abarwanyi bo muri Sudani y'epfo babandanya igikorwa co kurekura abana bari barashize mu gisoda cabo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi bo muri Sudani y'epfo babandanya igikorwa co kurekura abana bari barashize mu gisoda cabo

Muri Sudani y'epfo abarwanyi barekuye abana bashika ku majana abiri bahora mu gisirikare cabo.

Bubaye ubugira gatatu igikorwa nk'ico kiba kuva mu kwezi kwa mbere.

Biri mu rwego rw'umwumvikano hagati ya leta n'abarwanyi washizweko umukono i Jonglei mu mwaka uheze, mu ciswe Cobra.

Ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, ririko rirafasha muri iki gikorwa, rivuga ko abandi bana bashika amajana ane b'abasoda, bariko barategurwa ngo batahukanwe mu minsi mikeyi iri imbere.