Muri Tunisia baracarondera abateye kuri Bardo

Baracarondera abagavye igitero c'abiyahuzi i Tunis Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Baracarondera abagavye igitero c'abiyahuzi i Tunis

Umukuru w'igihugu wa Tunisia, Beji Caid Essebsi, avuga ko abajejwe umutekano bakiriko barahiga umugabo agira gatatu yagize uruhara mu gitero ku nyubakwa ndangakahise ya Bardo i Tunis.

Abantu barenga mirongo ibiri bagizwe ahanini n'ingenzi barishwe mu gitero co kuwa gatatu, mu nyuma abagabo babiri bitwaje inkoho bicwa n'abajejwe umutekano.

Mu kiganiro caciye kuri television, bwana Essebsi yavuze ko uwugira gatatu mu bagavye ico gitero ataza gushika kure.

Umugwi wiyita leta ya Islam, wamenyesheje ko ariwo wagavye ico gitero.