Indege yakorokeye mu misozi ya Alps

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption indege ya Germanwings

Iyo ndege yari iyo ikompanyi ntoya, Germanwings, isanzwe ikoresha indege z'iyindi kompanyi nini y'Abadagi, Lufthansa.

Yari iturutse iBercelona igiye Duesseldolf, kandi bivurwa ko yoba yatabaje imbere yo gushika hasi mu muji wa Digne-les-Bains.

Iyo ndege 4U 9525, uretse ingenzi 142 yari itwaye, yarimwo n'abakozi bo mu ndege batandatu.

Perezida w'Ubufaransa Francois Hollande yavuze ko ari akaga, ahamagararira abanyagihugu biwe kuguma bafatanye mu nda no gushigikira imiryango y'abarimwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kajugujugu zigerageza gushikira ahaguye iyo ndege mu misozi

Yavuze kandi ko bikigoye kumenya neza ivyabaye kuko muri iyo misozi ya Alps hatoroshe gushika.

Kajugujugu yagiye gutabara bivurwa ko yabonye aho iyo ndege yaguye, mu mataba y'imisozi miremire.

Gilbert Sauvan, umwe mu bategetsi b'ako karere, yabwiye ikinyamakuru Echos ko iyo ndege yasambaguritse.

Yavuzeko igice kinini kuri yo kingana n'imodokari.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiryango y'abari muri iyo ndege yaguye mu gahundwe.

Abategetsi b' Ubufaransa n' Ubudage bamaze kugaragaza akababaro bafise.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yabwiye abanyamakuru ati: "Iki n'igihe c'agahinda kuri twese".

Yavuze kandi ko yiteguye kuja aho iyo ndege yakorokeye.