Iyicwa rya Farhunda iKabul rikomeza kwiyamirizwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urupfu rwa Farhunda rwattumye abapolisi bamwe bakurwa mu kazi

Urwo rwego-ulema- rujejwe gufata ingingo ku bibazo bijanye n'idini rya islamu, ruvuga ko uwo mugore, Farhunda, yari umu islamu mwiza, kandi ko yagize neza kubuza igurishwa ry'ibiheko.

Yiciwe mu kibanza gifatwa ko ari ceranda, amaze kwagiriza umwigisha w'idini kugurisha ivyo biheko ku bagore batavyara.

Abantu baharurwa mu bihumbi bakoze imyiyerekano basaba ubutungane gukurikirana abamwishe, n'abandi bashigikiye ko yicwa.

Kare, umuvugizi w'igipolisi ca Kabul yakuwe mu mirimo yiwe kubera yatangaje ku rubuga rwa Facebook ko ashigikiye ivyo abishe uwo mugore bakoze.

Abapolisi 13 bamaze gukurwa mu kazi bakaba bashobora kubazwa ku vy'urupfu rw'uyo mugore.