Indege ya Germanwings yamanuwe n'impaka?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikirizamanza avuga ko indege A320 yamanuwe n'ibigirankana

Avuga ko umwunganizi w'umudereva (co-pilot) yari wenyene, ashobora kuba yamanuye iyo ndege ya Germanwings n'ibigirankana mu misozi ya Alpes.

Umushikirizamanza avuga ko ata kimenyetso cerekana impamvu uwo mwunganizi w' umudereva w'umudagi yoba yarashatse gusambura iyo ndege, akica abantu 150 barimwo.

Avuga ko amajwi yatowemwo agaragaza ko umudereva yari yavuye mu kibanza ciwe c'imbere-cockpit- hanyuma agerageza gusubirayo kandi ashimitse.

Umwunganizi wiwe ntiyemereye uwo mu kapitene w'indege kwinjira muri ico kibanza c'imbere, ariko yumvikana ahumeka, bisigura y'uko yari muzima igihe iyo ndege yarwa.

Uwo mushikirizamanza yavuze ko yasavye leta y'Ubudagi kumuha umwidondoro wose w' uwo mwunganizi w'umudereva.