Andreas Lubtz yamanuye indege ya Germanwings

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Ifoto ya Andreas Lubtz, icegera c' umudereva, yakuwe ku rubuga rwiwe rwa facebook

Bavuga ko Andreas Lubtz, yari we nyene rudende mu kibanza c'imbere, kandi yumva.

Ariko ngo yihojeje kapitene w'indege yakomeje kumuhamagara amusaba kumwugurira.

Ngo yirengagije kandi amajwi y'abakurikirana bari hasi, urugendo rw'indege//

Andreas Lubz, yari azwi nk'umuntu atekereje kandi yitaho abandi, yari amaze umwaka n'igice aronse urupapuro rw'umutsindo rwo gutwara indege.

Luftansa, ikompanyi Gemanwings ikukirira, yavuze ko izokorana n'ubutegetsi bw'Ubudage, abajejwe ingendo zo mu kirere, n'amashirihamwe y'abadereva.

Ngo bazokorana mu ntumbero yo gusanura igisata co gutanga imyimenyerezo muri uwo mwuga wo gutwara indege, n'ibifatirwako mu kwinjiza abantu muri ako kazi.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Lufthansa, Carsten Spohr, avuga ko urugero rw'inyigisho zabo rumaze igihe kirekire rusuzumwa, kandi ko naho umutekano wokwitabwaho gute, atacobuza umudereva atagira umutima kumena indege.