Urugendo rwamagana iterabwoba muri Tunisia

Inzego zishinzwe umutekano zateye umutwe wa Okba Ibn Nafaa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzego zishinzwe umutekano zateye umutwe wa Okba Ibn Nafaa.

Abantu babarirwa mu bihumbi muri Tunisia bakoze urugendo rwamagana iterabwoba nyuma y'igitero cyagabwe ku nzu ndangamurage i Tunis mu ntangiriro za kuno kwezi.

Abayobozi b'Ubufaransa n'Ubutaliyani bifatanije n'imbaga y'abantu bari muri urwo rugendo yari yitwaje amabendera y'igihugu cya Tunisia.

Perezida wa Tunisia, Beji Caid Essebi yavuze ko abaturage b'igihugu cye berekanye ko batazaterwa ubwoba n'ibikorwa by'iterabwoba.

Mbere yaho Leta ya Tunisia yari yavuze ko inzego zishinzwe umutekano zishe intagondwa 9 mu gitero zagabwe mu karere ka Gafsa kari mu burengerazuba bw'igihugu.

Abategetsi bavuze ko abo bishwe bari mu mutwe witwa Okba Ibn Nafaa kandi ko harimo umugabo witwa Lokman Abu Sakhra bivugwa ko ari ruharwa mu gukora ibikorwa by'iterabwoba.

Leta ya Tunisia itekereza ko abarwanyi b'uyu mutwe bagize uruhare mu gitero cy'iterabwoba cyagabwe ku nzu ndangamurage iri mu murwa mukuru Tunis muri kuno kwezi.