Andreas Lubitz yarigeze kuvurwa inyifato y'ukwiyahura

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Andreas Lubitz nta kete yasize yanditse nk'uko abakora amatohoza babivuga

Uwafasha umudereva wa ya ndege ya Germawings yaseka umusozi, Andreas Lubitz,yari yarigeze guhabwa imiti kubera inyifato yo kwiyahura imbere y'uko aronka uruhusha rwo gutwara indege nk'uko bivugwa n'abakora amatohoza, ariko ngo ntihari ubu bwa vuba.

Lubitz, yari afise imyaka 27,bikekwa ko yasekesheje iyo ndege n'ibigirankana imisozi ya Alpes, yahitanye abantu 150 bose uko bari bayirimwo.

Abategetsi mu gisagara ca Duesseldorf bavuga ko aho amatohoza ageze ata na kimwe kirerekana imvo yoba yatumye akora ivyo.

Umushikirizamanza wa Dusseldorf Christoph Kumpa yavuze ko imbere y'uko Lubitz aba umudereva, yari ''yaramaze umwanya ari ku miti y'indwara zo mu mutwe kubera dusanga yari inyifato yo kwiyahura''.

Ariko yavuze ko kuva Lubitz aronse uruhusha rwo gutwara indege, amatohoza asanga atasubiye guhabwa imiti bene iyo.

Andreas Lubitz nta kete yasize yanditse,nk'uko abakora amatohoza babivuga. ''Gushika ubu nta cemeza ko uwo yafasha umudereva yari yaravuze imbere y'igihe ko azokora ivyo twibaza ko yakoze kandi nta kete riratorwa canke ikindi icarico cose nk'ico kirimwo aho abivuga''.

Havuzwe vyinshi kuri Lubitz harimwo n'uko yoba yari afise ingorane zo kubona neza, ariko abakora amatohoza nta kivyemeza barabona.

Umwe mu bakobwa bigeze gukundana yavuze ko yari yararahiye ko azokora ikintu kizoguma cibukwa.

Amajwi yafashwe n'icuma kigenda kirafata ibivugirwa mu kibanza c'aho batwarira indege atuma kwibaza ko Lubitz indege yakoroye iyo ndege n'ibigirankana mu kwanka kwugururira umudereva Patrick Sondenheimer icumba batwariramwo indege.

Ikindi cuma cerekana aho indege yariko iragendera, umuvuduko n'inzira co ntikiratorwa. Umukuru w'urwego nyobozi rwa Luftansa Kay Kratky avuga ko gishibora kuba carononekaye cane ku buryo kitarungika imishwarara y'aho giherereye.