Kwiyamamariza amatora vyatanguye mu Bwongereza

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abarongoye imigambwe indwi yo mu Bwongereza

Mu Bwongereza hatanguye ku mugaragaro igikorwa co kwiyamamariza amatora azoba kw' italiki 7 z' ukwezi kwa gatanu.

Inama nshingamateka yaraye isheshwe nawe umushikiranganji wa mbere David Cameron akaba yagiye ku kirimba c'umwamikazi Elizabeth kubonana ubwa nyuma nawe muri iki ikiringo nk'uko bigenda mu Bwongereza.

Abanye politike bagiye gukwira igihugu gusobanurira abo bashakako amajwi, imigambi yabo bozorangurira igihugu mu kiringo gikurikira hamwe boramuka batowe.

Ibiharuro vy'ukugereranya vyerekana ko imigambwe ibiri mikuru mikuru Conservative wa David Cameron na Labour Ed Miliband isa n'iyibangabanganywe nk'uko vyari igihe c'amatora aheruka yo mu 2010.

Iyo bigenze uko ntawutahukana amajwi akwiye yo gushinga reta wenyene, n'uwufise amajwi menshi aca arondera uwo bafashanya kugira baronke abashingamateka bakwiye bo gushigikira iyo leta mu nama nshingamateka.

Ubu hahora urunani rwa Conservative na Liberal Democrats.

David Cameron avuga ko ashaka kumariza akazi ko gusubiza igihugu ku murongo. Ministre wa mbere yavuze ko azokwerekana uburongozi bukomeye bukenewe mu gihe Labour ivuga ko ifise intumbero nziza .

Umukuru wa Labour Ed Miliband yavuze ko politike ya Bulaya y'aba Tories (Conservative) ibangamye.

Ukwiyamamaza bizomara iminsi 38.